34 Ibirībga vyose vyosukwakw amazi yo muri co, vyoba bihumanye: kand’ ico kunywa cose coba mu kintu ben’ ico cose coba gihumanye.
Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.
Ūgwirisha itunga ryiwe inyungu ivuye ku vyo yagurānye, akāka n’ibirenzeko, Aba abirundanirije ūgirira akagongwe abagorwa.
Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?
Ijisho ry’agakēngērwe n’umutima w’ubgibone Bo n’itara ry’abanyakibi n’ icaha.
Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.
Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena.
Ikintu cose cokorokerwako n’icavuye ku muvyimba wavyo coba gihumanye; ar’ iziko cank’ amashiga, coba gikwiye kumenagurwa; ivyo n’ ibihumanya, kandi bizoba ibihumanya kuri mwebge.