Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 11:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 11:33
11 Referans Kwoze  

Ikintu c’ikibumbano umunyagisokoro azokorako, kize kimenwe; na ho ni caba ikibazano, kize cunyugurishwe amazi.


Kandi ni catekwa mu nkono y’ imbumbano, baze bayimene; na ho ni catekwa mu nkono y’umuringa, baze bayikūbe, bayunyuguze n’amazi.


azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.


Hejuru ku nzu zose z’i Mowabu no mu nzira zaho, hose hose har’ amaborogo: kuko nasābije Mowabu nk’urujo rudashimwa, ni k’Uhoraho agize.


Maze bayisambure, amabuye yayo, n’ibiti vyayo, n’ibihomōtse kuri yo vyose, babikūre mu gisagara, babijane ahantu hahumanye.


Ikintu cose cokorokerwako n’icavuye ku muvyimba wavyo coba gihumanye; ar’ iziko cank’ amashiga, coba gikwiye kumenagurwa; ivyo n’ ibihumanya, kandi bizoba ibihumanya kuri mwebge.


Ibirībga vyose vyosukwakw amazi yo muri co, vyoba bihumanye: kand’ ico kunywa cose coba mu kintu ben’ ico cose coba gihumanye.


Baze bayivangire n’amavuta ya elayo ku cuma gikaranga; ni yamara guhwana, bayizane; baze batange iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ar’ utumanyagu dukaranze, ngo ribe umubabge ummotera neza.


Aheze aturire uwo mwambaro, iyo ndwara namba yoba ifashe kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi z’ubgoya bg’intama canke mu zera derere, canke namba yoba ifashe ku kintu cose cakozwe mu rusāto, kukw ar’ imibembe igenda irarya; ico kintu kize giturirwe.


Kand’ ikintu cose gisanzwe kirāngāye, kitarumijek’ umutemere, kizoba gihumanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite