29 Ibi ni vyo bihumanya kuri mwebge mu binyonyera bigenda hasi: igikara, n’imbeba, bo n’imburu nk’ukw amoko yazo ari;
Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.
Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi, ubushakanyi, ibihumanya, ukwifuza kw’umubiri, ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’ abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana;
iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.
kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.
Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibāba bakijana na we.
Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.
Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.
Kand’ arababarira, ati Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.
Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi;
Abiyeza bakiyuhagira kugira ngo baje mu bigabiro barōngōye, abarya inyama z’ ingurube n’iz’ ivyikwega hasi n’ imbeba, abo bose bazoshirira icarimwe, ni k’Uhoraho agize.
Kuk’ umunyakibi yishimagiriza ivyo umutima wiwe wifuza, Kand’ umunyegono yikunkumura Uhoraho, kand’ akamukēngēra.
Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru.
Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.
n’ icūgu, n’ikivumbura, n’umuserebanyi, n’agacamano, n’uruvu.
Umuserebanyi ugendesha amaboko yawo, Yamar’ uba mu ngoro z’abami.