15 n’icitwa igikōna cose, ukw amoko yavyo ari;
Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ ikigega, kand’ Imana irabitunga: erega mwebge muruta ibisīga cane.
Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.
Ibikona bikāma bimuzanira umutsima n’inyama uko bukeye, mu gitondo no ku mugoroba; kand’ akāma anywa amazi kur’ uwo mugezi.
Uzohora unywa ku mazi yawo, kandi nageze ibikona ko bizohora bikugaburirirayo.
arekura igikōna, kiragenda kirajarajara gushitsa aho amazi yakamiye kw isi.
n’ ikinyamwanira, n’inkōna, ukw amoko yavyo ari;
n’imbuni, na tamasi, na shakafu, n’agaca, ukw amoko yavyo ari;