Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:6
23 Referans Kwoze  

Icātumye uyu musi mureka gukurikira Uhoraho n’iki? Kandi ko mugararije Uhoraho uyu musi, ejo azohava arakira ishengero ryose ry’Abisirayeli.


Arikw Abisirayeli bacumura mu vyagizwe inyegu y’Uhoraho; Akani mwene Karami, Karami wa Zabudi, Zabudi wa Zerahi, wo mu muryango wa Yuda, ni we yasotōye ku vyagizwe inyegu; maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli.


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


Arikw Abalewi bo baze bashinge ayabo impande zose z’iryo hema ry’Ibishinga intahe, kugira ng’ uburake bganje bgoye kuziriringira iryo koraniro ry’Abisirayeli; Abalewi baze bitondere ivyo bājejwe vy’iryo hema.


Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.


Mbega Akani, umwe mwene Zerahi, ntiyacumuye, agasotōra ku vyagizwe inyegu, ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rikagībgako n’uburake? Kand’ uwo muntu ntiyipfanye mu gucumura kwiwe!


Kand’ umunyamibembe iy’ arwaye iyo ndwara, agende yambaye impuzu zitantamutse, ahamburuye umushatsi wiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera, ati Ndahumanye, ndahumanye!


Namwe muze mwitondere ivyo mujējwe vy’Ahēra n’ivy’ igicaniro, kugira ngo ntihaze hasubire kuza uburake ku Bisirayeli.


Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano.


Ni wiharangure umushatsi, ewe Yerusalemu, uwushibure; uheze uturike uborogere ku mpinga mu ruharabuga; kuk’ Uhoraho yaciye ab’ uru runganwe yarakiye, akabaheba.


Ereg’ Abisirayeli bacumuye, kuko baciye mw isezerano ryanje nari nabageze kwitondera, bagasotōra ku vyagizwe inyegu yanje, bakavyiba, bagatako bakabirenzako, mbere bakabisukiranya n’ibintu vyabo.


Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.


Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune bāri mu gitigiri c’abagiye gutata ico gihugu, bitantamurirakw impuzu zabo;


Ashire uwo mugore imbere yanje, amuhamburure umushatsi, amutereke mu maboko rya shikanwa ry’ifu ry’icibutso, ari ryo shikanwa rizanywe kubg’ ifūhe. Uwo muherezi afate mu ntoke ayo mazi y’umururazi atera umuvumo.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Abisirayeli, uti Mur’ ihanga ritagonda izosi; uti Yogendera hagati muri mwebge n’akanya isase, yobatikiza: uti Nuko rero ni mwiyambure utugenegene twanyu two gushaza, kugira ngw amenye ukw abagirira.


Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.


Jana Aroni na Eleyazari umwana wiwe, ubadūgane umusozi Hori:


Buki wa Abishuwa, Abishuwa wa Finehasi, Finehasi wa Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi mukuru;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite