Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:3
46 Referans Kwoze  

Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho.


Kandi yarambariye, ati Ni wewe musavyi wanje, Isirayeli, uwo nzoherwamw’ icubahiro.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ko mutanyizeye, ngo mwerekane ukwera kwanje imbere y’Abisirayeli, ntimugishikanye iri koraniro mu gihugu nemeye ko nzobaha.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


kuko mwampemukiye hagati mu Bisirayeli, igihe mwari ku mazi y’i Meriba h’i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Zini, ntimwerekane ukwera kwanje hagati mu Bisirayeli.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.


Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.


Nzobākīra nk’imibabge imota neza, aho nzobakūrira mu banyamahanga, nkabakoraniriza hamwe mbakūye mu bihugu mwasanzariyemwo; kandi nzokwiyerekanira muri mwebge imbere y’abanyamahanga ko nd’ Uwera.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.


kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzohigūra nawe, ewe Sidoni, nzoshirwa hejuru hagati muri wewe: maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho, igihe nzoba nshikije iteka mpaciriyeko, nkiyerekana muri bo ko nd’ Uwera.


Arikw aramwishura, at’ Uvuze nk’umwe wo mu bagore b’ibipfapfa. Mbega none twohabga ivyiza bisa mu biganza vy’Imana, tukanka kwākīra n’ibibi na vyo? Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoresheje icaha akanwa kiwe.


Data, shimagiza izina ryawe. Maz’ ijwi riva mw ijuru, riti Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo.


Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.


Umubiri wanje uhindishwa agashitsi no kugutinya; Kandi ntinya imanza zawe.


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


Maze Hezekiya yishura Yesaya, at’ Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza. Yongera kuvuga, ati Kazima hagiye kuba amahoro n’umutēkāno nkiriho.


Nanje rāba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.


Kand’ uz’ uyasuke no kuri Aroni no ku bana biwe, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Abgira Kora n’abo bīfatanije bose, at’ Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana abiwe ab’ ari bo, n’uwera uw’ ari we, amwiyegereze: uwo azotoranya, ni we azokwiyegereza.


Kandi yashize hejuru ihembe ry’abantu biwe, Ni ryo shimwe ry’abakunzi biwe bose, Ni bo Bisirayeli, ihanga yiyegereje. Haleluya!


maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Kand’ icumba kirābana n’i burārūko n’ic’ abaherezi bājejwe igicaniro: ari bo bene Sadoki, ni bo bo mu ruvyaro rwa Lewi bēgēra Uhoraho ngo bamukorere.


Uhoraho aramwishura, ati Genda umanuke, uheze uje kudūgana na Aroni: arikw abaherezi n’abandi bantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, kugira ngo simbatsindeho.


Unkūrekw inkoni yawe: Mmazwe no gukubita kw’ ukuboko kwawe.


Ivyo washingiye intahe n’ivyo kwizigirwa cane; Uhoraho, ukwera kubereye inzu yawe ibihe bitazoshira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite