Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Haza umuriro uvuye imbere y’Uhoraho, urabīca, bagwa aho imbere yiwe.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:2
25 Referans Kwoze  

Ariko Nadabu na Abihu bāpfuye ca gihe bosereza Uhoraho imibavu ku muriro urahuwe ahandi.


Umuriro uva k’Uhoraho, uyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongwitanu bosheje imibavu.


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, amuhōye ico gicumuro, agwa ngah’ i ruhande y’isandugu y’ Imana.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


Uwo mwanya agwa imbere y’ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y’umugabo wiwe.


Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n’ubgoba bginshi.


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa, kandi nta bana bāsize; nuko Eleyazari na Itamari ni bo bahawe igikorwa c’ ubuherezi.


kuko bga bundi mutāyireruye, ni co catumye Uhoraho Imana yacu aduhwikira, kuko tutayigenjeje nk’uko vyashinzwe.


Maz’ uburake bg’ Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, kuko yarāmvuye ukuboko ngw afate iyo sandugu; nukw agwa ngah’ imbere y’Imana.


Eliya arabishura, at’ Asangwa nd’ umuntu w’Imana, umuriro n’utibuke uve mw ijuru, ukuyigizanye n’izo ngabo zawe ukw ari mirongwitanu. Ako kanya umuriro w’Imana uca utibuka uvuye mw ijuru, umuyigizanya n’ingabo ziwe ukw ari mirongwitanu.


Eliya yishura uwo mugabisha w’izo ngabo mirongwitanu, at’ Asangwa nd’ umuntu w’Imana, umuriro n’utibuke uve mw ijuru, ukuyigizanye n’izo ngabo zawe ukw ari mirongwitanu. Ako kanya umuriro uca utibuka uvuye mw ijuru, umuyigizanya n’ingabo ziwe ukw ari mirongwitanu.


Hanyuma Uhoraho yica abantu b’i Beti‐shemeshi mirongwirindwi, kuko barungurutse mw isandugu yiwe; maz’ abantu barizwa n’uk’ Uhoraho yabiciye abantu benshi.


Abishwe n’ ikīza bār’ abantu ibihumbi cumi na bine n’amajana ndwi, udashizemw’ abicishijwe n’ivya Kora.


Uhoraho abarira Mose hanyuma yo gupfa kwa ba bana ba Aroni bompi, hamwe bīgira hafi imbere y’Uhoraho, bakagwaho;


Nuko bīgira hafi, babaterura mu makanzo yabo, uko bakayambaye, babajana inyuma y’aho bashagaje, nk’uko Mose agize.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga aho ndi, mwe na Aroni na Nadabu na Abihu, n’abakuru bo mu Bisirayeli mirongwirindwi, musenge mukiri kure:


Maz’ umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo.


Akibivuga, haza uwundi na we, at’ Umuriro w’Imana watibutse uva mw ijuru, uyigiza intama n’abungere, urabimara; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.


Imana yacu izoza, kandi ntizocereza: Imbere yayo umuriro uzotongora, Izokikizwa irya n’ino n’inkūbi y’umuyaga.


abo bagabo nyene bādonze izo nkuru z’agacavutu z’ico gihugu, bicirwa n’ikīza imbere y’Uhoraho.


Nukw aragenda, asanga uwo muvyimba urambaraye mu nzira, na ya ndogoba n’intambge bihagaze i ruhande yawo; arikw iyo ntambge ntiyari yariye uwo muvyimba, canke ngw itabagure iyo ndogoba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite