18 Ehe rāba amaraso yaco kw atari yazanywe ahēra, nta cari kubabuza kukirya, ngo mukirīre ahantu hēra, nk’uko nageze.
Kand’ ikimazi cose gitangirwa ivyaha, amaraso yaco akajanwa mw ihema ry’ibonaniro, agahongerwa ahēra, ntikize kiribge na mba: ariko kize giturirwe.
Umuherezi ahereje ico kimazi co gutangirwa ivyaha az’ abe ari we akirya: kize kirīwe ahantu hēra, ni ho mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro.
Babirye, ar’ ivyatanzwe kubabera impongano, ngo binjizwe mur’ iryo bango, bezwe; arik’ ūtar’ umuherezi ntaz’ abiryeko, kukw ar’ ivyera.
Uhoraho abarira Mose,