Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:14
10 Referans Kwoze  

Ibi na vyo nyene n’ivyawe mu mashikanwa yose ngerewe bazonshikanira: ivyo Abisirayeli bazoshikana vyose bizunguzwa, ndabiguhaye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava: ūdahumanye wese wo mu b’inzu yawe yemererwa kubiryako.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


izo nkoro, bo n’ibikenye vy’amaguru y’i buryo, Aroni arabizunguza, kuba ishikanwa rizungurijwe imbere y’ Uhoraho, nk’uko Mose yageze.


Babirye, ar’ ivyatanzwe kubabera impongano, ngo binjizwe mur’ iryo bango, bezwe; arik’ ūtar’ umuherezi ntaz’ abiryeko, kukw ar’ ivyera.


Nuko mubirīre ahantu hēra, kukw ar’ umuturi wawe n’uw’ abana bawe, wo ku mashikanwa ashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro; kuk’ ukw ari ko nabariwe.


Umugabane wose uzoshingūrwa ku vyēra vyose Abisirayeli bashikana, bazanira umuherezi, uz’ ube uwiwe.


Maz’ arambarira, at’ Ivyumba vy’ahahera i burārūko n’ivy’ ahahera i bumanuko bihereranye na wa mwanya uciye hagati, ivyo n’ ivyumba vyera, ah’ ibintu vyera cane bizorīrwa n’abaherezi bahora bēgēra Uhoraho; aho ni ho bazotereka ivyera cane, n’ishikanwa ry’ifu, n’ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ikimazi gitangirwa ibicumuro; kukw ar’ ahantu hēra.


Arik’ umukobga w’umuherezi apfakaye canke yirukanywe, atagira umwana, akaba igisubiramuhira mu rugo kwa se, akamera nk’uko yahoze mu bgana bgiwe, we azorya ku vyo kurya vya se: arik’ ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ abiryeko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite