Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:12
14 Referans Kwoze  

Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.


Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.


Ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu vyokejwe mu ziko, n’ibindi vyose vyakozwe mw ifu bikaranganywe n’amavuta, bo n’ivyataraguwe ku cuma gikaranga, bizoba ivy’ umuherezi abihereje.


n’imitsima itambiwe, n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene tubēhūye, dusutswekw amavuta ya elayo, uyicumvye mw ifu y’ingano igogōretse.


Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.


Nuko mubirīre ahantu hēra, kukw ar’ umuturi wawe n’uw’ abana bawe, wo ku mashikanwa ashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro; kuk’ ukw ari ko nabariwe.


Aya ni yo mazina ya bene Aroni: imfura yiwe ni Nadabu, agakurikirwa na Abihu na Eleyazari na Itamari.


Babirye, ar’ ivyatanzwe kubabera impongano, ngo binjizwe mur’ iryo bango, bezwe; arik’ ūtar’ umuherezi ntaz’ abiryeko, kukw ar’ ivyera.


Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.


Buki wa Abishuwa, Abishuwa wa Finehasi, Finehasi wa Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi mukuru;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite