Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nadabu na Abihu, bene Aroni, bābīra ivyotero vyabo, bashiramw’ umuriro, bashirakw imibavu, bayosereza Uhoraho ku muriro urahuwe ahandi, uwo atabageze.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 10:1
38 Referans Kwoze  

Ariko Nadabu na Abihu bāpfuye ca gihe bosereza Uhoraho imibavu ku muriro urahuwe ahandi.


Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu;


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


Mose abarira Aroni, at’ Abīra icotero cawe, ugishiremw’ umuriro uwukūye ku gicaniro, ugerekekw imibavu, ukijane n’ingoga mw ishengero, ubahongere: kuko haje uburake buvuye k’Uhoraho, ikīza kikaba gitanguye gutēra.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga aho ndi, mwe na Aroni na Nadabu na Abihu, n’abakuru bo mu Bisirayeli mirongwirindwi, musenge mukiri kure:


Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.


Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Kand’ uze wīgize hafi yawe Aroni mukurwawe n’abana biwe, ubarobanure mu Bisirayeli, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: Aroni nyene, na Nadabu na Abihu, na Eleyazari na Itamari, abana biwe.


Maze Mose adūgana na Aroni na Nadabu na Abihu, na ba bakuru b’Abisirayeli mirongwirindwi:


Uhoraho abarira Mose hanyuma yo gupfa kwa ba bana ba Aroni bompi, hamwe bīgira hafi imbere y’Uhoraho, bakagwaho;


Umuriro uvuye imbere y’Uhoraho uraheza uraza, utōngōrera ku gicaniro ca kimazi coshejwe bo na vya binure: abo bantu bose babibonye, basēsereza impundu, barūnama bashika hasi.


Kand’ uz’ ugicurire inzavya zo kuyoreramw’ umunyota waco, n’ibintu vyo kuwuyoza, bo n’imibehe yaco, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose ubicure mu miringa.


hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.


Maz’ abagabo bose bāri bazi yukw abagore babo bosereza imibavu izindi mana, bo n’abagore bose bahagararanye aho, ar’ ishengero rinini, ni bo bantu bose bagiye kuba mu gihugu ca Egiputa i Patirosi, bishura Yeremiya,


Kandi n’iki gituma mundakisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mu kwosereza imibavu izindi mana mu gihugu ca Egiputa, aho mwaroye kuba, bikabakwegera guherengetezwa, mugahinduka ibivume n’iciro ry’imigani mu mahanga yose yo mw isi?


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


bagataba ibitabo vya Bayali, ngo bahosereze abahungu babo mu muriro, babe ibimazi vyosherejwe Bayali; ar’ ikintu ntābageze, ntāvuze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


akagenda agasaba izindi mana, akazisenga, ari nk’izuba, cank’ ukwezi, cank’ inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, kand’ ar’ ivyo ntabageze;


Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.


acoserezakw imibavu y’ibintu bimoga, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.


Acura ibintu vyose vy’ ico gicaniro: inzavya, n’ibintu vyo kuyoza umunyota, n’imibehe, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose yabicuze mu miringa.


Atunganya amavuta yera yo kurobanuza abahabga ibango, n’ imibavu iroranye y’ibintu bimoga, abikora nk’umuhinga yabimogoreye.


na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya mibavu y’ibintu bimoga yo kwosereza Ahēra: ivyo vyose baze babikore nk’uko nyene ndabikugeze.


Maz’ umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo.


Dukwiye kugenda urugendo rw’imisi itatu tuje mu bugaragwa, tubone gushikanira Uhoraho Imana yacu, nk’ ukw izotubarira.


at’ Ubgoko bg’aba Kohati, ukw imiryango yabgo iri, ntimukaburanduze ngo bukūrwe mu Balewi;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite