Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co kwoswa, ni ho kizokwemerwa kumubera impongano.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 1:4
44 Referans Kwoze  

Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Uteko wābīre impfizi y’ intama imwe muri za zindi; Aroni n’abana biwe bayirambike ibiganza mu ruhanga.


Uz’ uzane ya masa imbere y’ ihema ry’ibonaniro: Aroni n’abana biwe bayirambike ibiganza mu ruhanga.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Maz’ uze wābīre iyo mpfizi y’intama ya kabiri, Aroni n’abana biwe na yo bayirambike ibiganza mu ruhanga.


Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana.


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


Umuherezi az’ atangire impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, na bo bazoharirwa; kuko batābikoze ibigirankana, kandi bakazoba bazanye ikimazi cabo co gutōngōrwa n’ umuriro nshikaniwe, jewe Uhoraho, bo n’ikimazi cabo co gutangirwa ivyaha aho nyene imbere yanje, batangiye ico caha cabaguyeko.


Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.


Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.


Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.


Araheza azana ya mpfizi y’intama yindi, ari yo yo kubinjiza mw ibango, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa.


Arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje aho bahora bakererera ikimazi co kwosa: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Abakuru b’iryo koraniro baheze barambike ibiganza mu ruhanga rw’iyo masa imbere yanje: baheze bayikererere ngaho nyene imbere yanje.


Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose.


Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’ impene akūrah’ ivyaha.


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo;


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


rizomubera isezerano ry’ubuherezi bg’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe, kuko yagize ifūhe kubganje, jewe Imana yiwe, agatangira Abisirayeli impongano.


Uwo muntu caguyeko, umuherezi az’ amutangire impongano imbere yanje, amuhongere, na we azoharirwa.


Maz’ Abalewi barambike ibiganza mu ruhanga rw’ ayo mamasa, uheze utange imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, iyindi kw ikimazi co kwoswa, bibe ivyo nshikaniwe jewe Uhoraho, kw impongano y’Abalewi.


at’ Ishuri ni yavuka, cank’ umwagazi w’intama canke w’impene, iz’ imarane na nyina imisi ndwi; uhereye umusi ugira umunani yoshobora kwemerwa kuba ikimazi nshikanirwa jewe Uhoraho, gitōngōrwa n’umuriro.


Umuntu wese azotanga ikimazi c’ishimwe, akakimpa jewe Uhoraho ngw ashitse isezerano ryiwe, canke kikaba ico atanze avyigombeye, ar’ ico akūye mu busho canke mu mukuku, kize kibe ciza kugira ngo cemerwe: ntihaze hagire agasembga kibonekako.


Umuherezi aheze amuhongerere imbere yanje, na we azoharirwa ico yakoze cose camutsindishije.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Kaze kabe mu ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni az’ abe ari we arābgakw ibigabitanijwe mu vyera, ivyo Abisirayeli bazogenda batirimuka mu mashikanwa yabo yera bazotanga yose; kaze kame kaba mu ruhanga rwiwe na ntaryo, kugira ngo jewe Uhoraho mbone kwākīra amashikanwa yabo.


Babirye, ar’ ivyatanzwe kubabera impongano, ngo binjizwe mur’ iryo bango, bezwe; arik’ ūtar’ umuherezi ntaz’ abiryeko, kukw ar’ ivyera.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa, kibe ikimazi gitangiwe ivyaha.


Kand’ igihe uzanye Abalewi imbere yanje jewe Uhoraho, Abisirayeli babarambikekw ibiganza.


mutange n’umwagazi w’intama umwe‐umwe ukūwe mu mukuku w’amajana abiri‐abiri, mu mikuku y’imiryango y’Abisirayeli; ivyo vyose bize bibe ishikanwa ry’ amafu, n’ikimazi co kwoswa, n’ ibimazi vy’ishimwe, kugira ngo batangirwe impongano, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Araheza azana impfizi y’ intama y’ikimazi co kwoswa; Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite