Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 1:11
12 Referans Kwoze  

Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco.


Aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi c’impongano; amaraso yaco baze bayamijagire ku gicaniro impande zose.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi gitangirwa ivyaha: aho bakererera ikimazi co kwoswa, az’ abe ari ho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha, imbere yanje: n’icera cane.


Ashira ya meza mur’ iryo hema ry’ibonaniro, ayaherereza ku ruhande rw’i burārūko rw’iryo hema, hino y’ico gihuzu.


Mose yābīra igice ca kabiri c’amaraso, agisuka mu nzavya, ikindi na co akimija ku gicaniro.


Arambike ikiganza mu ruhanga rw’ico kimazi co gutangirwa ivyaha, agikererere aho bakererera ikimazi co kwosa.


Mose arayikerera, amijagira amaraso yayo ku gicaniro impande zose.


akererere iyo suguru y’intama aho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha bo n’ikimazi co kwoswa, ahantu hēra: nk’ukw ikimazi co gutangirwa ivyaha ar’ umuturi w’umuherezi, ni ko n’ ikimazi c’impongano kiri: n’icera cane.


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Aya ni yo mabgirizwa y’igicaniro bazoshitsa umusi bazocubaka, kugira ngo bacoserezekw ibimazi, bakimijekw amaraso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite