Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abaheburayo 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.

Gade chapit la Kopi




Abaheburayo 1:3
42 Referans Kwoze  

bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.


Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana,


ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubgiza n’icubahiro n’inganji n’ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, na bugingo n’ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amen.


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.


Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we.


Kuko tutākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Iy’ isi inyiganyize, bo n’ abayibako bose, Ni jewe ngumije inkingi zayo. Sela.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.


Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo Mpwemu Yera, non’ asutse ico muriko murabona kandi mwumva.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


None rer’ asangwa mwarazuranywe na Kristo, murondere ibiri hejuru, iyo Kristo ari, avyagiye i buryo bg’Imana.


Ni nde azobatsindisha? Mbega ni Kristo Yesu, kand’ ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ar’i buryo bg’Imana, bitayekw aradusengera.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’ inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose.


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Kukw ijambo ry’umwami riri n’ububasha; kandi ni nde yomubaza, at’ Ico ukora n’igiki?


I burārūko hava ubgiza bukayangana nk’izahabu; Imana yambaye igitinyiro giteye ubgoba.


Kukw ah’ icete c’iragi kiri hakwiye rwose yuk’ urupfu rw’uwaraze ruseruka.


bati Mwigisha, Mose yavuze ng’umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acūre umugore wiwe, ngw ahonore mwene nyina.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Ariko ni nde wo mu bamarayika yigeze kubarira, it’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava yo musi y’ibirenge vyawe?


Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara.


uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ igisokoro ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite