1 Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.
1 Jewe umutama w’Ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.
Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri.
Nshimira Imana yukw ata n’umwe nabatije muri mwebge, atari Kirisipo na Gayo;
Gayo arabaganūtsa, uwansembereje, kand’ akākīra n’abo mw ishengero bose. Erasito, aganza ivy’ ikori ry’iki gisagara, na Kwaruto mwene Data, barabaganūtsa. [
Maz’ igisagara cose kiravurungana, bashwabadukira icarimwe baja ku kibuga c’ibirori, bashika Gayo na Arisitariko Abanyamakedoniya, bāgendana na Paulo.
Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.
Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.
Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.
Mukundwa, ndagusengera ng’umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza.