Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 3:3
17 Referans Kwoze  

ko bābabgiye, bati Mu gihe c’iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana.


ariko cane‐cane abagenda bakurikira ivy’ akameremere kabo, bifuza ibihumanya bagakengera ababaganza. Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro:


Abo n’abidodomba n’abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amagambo atumbaganyemw’ ukwirarira, bubahira abantu kubakūramw’ amaronko.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


irya mbere mukwiye kumenya, n’ukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’ umuntu avyigombera,


Arik’ umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye.


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Ati Yemwe bijuju, muzogeza ryari gukunda ubujuju? N’abacokoranyi guhimbarwa no gucokora? N’ibipfu kugirira urwanko ubgenge?


Umucokoranyi arondera ubgenge ntabubone, Arik’ ukumenya kuroroshe ku muntu akerebutse.


Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw ar’ igihe c’iherezo.


Abaganwa bārwaye kuborerwa vino ku musi mukuru w’umwami wabo, na we nyene yaya amaboko hamwe n’abacokoranyi.


Kuk’ umuntu w’agaterabgoba atituwe, n’umucokoranyi aheze, kand’ abatambira kugabitanya bose barahonnye,


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!


bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!


Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.


mur’ iyi misi y’iherezo yabaririye twebge mu kanwa k’Umwana wayo, uwo yashiriyeho kuba samuragwa wa vyose, ni we yahaye kurema isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite