Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 3:12
17 Referans Kwoze  

Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni.


Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Imana yacu izoza, kandi ntizocereza: Imbere yayo umuriro uzotongora, Izokikizwa irya n’ino n’inkūbi y’umuyaga.


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.


Isi iravungaguritse, isi irasataguritse, isi irahuzenze.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.


babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.


None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite