Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 3:1
15 Referans Kwoze  

Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.


N’ukuri Imana igirira neza Abisirayeli, Abafise imitima itanduye.


N’ūfise amaboko akeye n’umutima utanduye, Atigeze kwerekeza umushaha wiwe ku vy’ukubesha, Ntarahire ibinyoma.


Nabivuze nkiri kumwe namwe ubugira kabiri kera, na none ntar’ iyo ni ko mbivuga bitaraba, mbarira abācumuye kera n’abandi bose, yuko ni nagaruka ntazogira akagongwe:


Ariko, abo nkunda, naho tuvuze durtyo, turazi ivyanyu tudakekeranya yuko birusha ivyo kuba vyiza, kandi bizanana n’agakiza.


Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;


Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite