Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 ikarokora Loti, umugororotsi, yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda —

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 ariko igakiza Loti, umugororotsi, yababazwa n’ibikorwa bibi vyakorwa n’abagarariji

Gade chapit la Kopi




2 Petero 2:7
14 Referans Kwoze  

Maze akijujura, abo bagabo bamufata ukuboko, n’ukw’ umugore wiwe n’abakobga biwe bompi. Uhoraho amugiriye ikigongwe, bamukūrayo, bamuterera inyuma y’igisagara.


Igihe Imana yarandura ibisagara vyo mur’ ico kiyaya, yibutse Aburahamu, irungika Loti ngw ave mur’ ako gatikizo, igihe yakomvomvora ibisagara Loti yabamwo.


None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.


Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.


Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.


arikw ihute, uhungireyo; kukw ata co nshobora gukora utarashikayo. Ni co catumye ico gisagara citwa Sowari.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Bahamagara Loti, baramubaza, bat’ Abagabo binjiye i wawe mur’ iri joro bari hehe? basohore, tubonone.


Kand’ ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira; kubg’ ivyo inzira y’ukuri bazoyitukisha.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite