Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Arikw abo bantu bameze nk’ibikōko bitagira ubgenge, ibikōko bukōko, vyavukiye gutegwa no kwicwa, batuka ivyo batazi, guhonnya kwabo kuzobahonnya na bo,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 2:12
17 Referans Kwoze  

Arikw abo bantu batuka ivyo batazi: kandi n’ivyo bamenyeshwa n’akameremere kabo, nk’ukw ibikōko bimeze bitagira ubgenge, na vyo nyene baravyiyonōnesha.


Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.


Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.


Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.


Umuntu w’ikijuju ntazi ibi; N’igipfu ntikibitahura:


Kukw abungere bācitse ibiyingiyingi, ntibagīsha Uhoraho inama: ni co cababujije kumererwa neza, kand’ imikuku yabo yose yarasābagiye.


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


Umunyakibi atsindwa hasi n’ugukora nabi kwiwe, Arik’ umugororotsi agira ivyizigiro mu rupfu rwiwe.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.


Kandi nzokurekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkwakirizek’ umuriro w’ uburake bganje, nkugabure mu maboko y’abantu bameze nk’ibikōko, bazi guhonnya.


Maze ndavuga, nt’ Erega n’ukw ari ba nyarucari: n’ibijuju, kuko batazi inzira y’Uhoraho, ntibamenye n’ukuroranya kw’Imana yabo.


Yemwe bijuju vyo mu bantu, ni mwibaze ibi: Mwa bipfu mwe, muzoca ubgenge ryari?


Kukw abona kw abanyabgenge bapfa, Igipfu n’ikijuju bikarandukana, Bagasigarana abandi ubutunzi bgabo.


ubgivyi, ubgicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’ isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu:


kand’ ivyo vyose biba biheze iyo birīwe — mukumvira ivyagezwe n’abantu n’inyigisho zabo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite