Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:8
33 Referans Kwoze  

Kand’ abacu na bo ni bige kugumya gukora ibikorwa vyiza ngo babone kumara ubukene ababikwiye rwose, kugira ngw abacu ntibabe ibirumbirane.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.


Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose,


Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.


Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.


Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.


kugira ng’ ugufataniriza mu kwizera kwawe gushobore vyinshi kubga Kristo, mu kumenyekanisha ivyiza vyose vyo muri twebge.


Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.


Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu.


Ba ari mwebge mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; ba ari mwebge mwirāba. Mbega ntimwiyizi, ntimuzi yuko Yesu Kristo ari muri mwebge? — shiti kumbure mur’ abāhinyuwe!


mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima.


Kandi mu kubasengera babagirira inkumbu, kuk’ ubuntu bg’ Imana burushiriza kuba muri mwebge.


Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.


Kand’ ikindi, biga kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.


Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukundana, no gukunda abandi bose, nk’uko natwe tumeze kuri mwebge:


Ariko nk’uko murushiriza kugira vyose — ukwizera, n’amajambo, n’ubgenge, n’umwete mwinshi, n’urukundo mudukunda — ni murushirize no kugira ubgo buntu na bgo.


ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.


ariko mwebge ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu.


Shebuja aramwishura, ati Wa muntu wanje mubi we, wa kinebge we, war’ uzi ko nimbura ivyo ntārimye, nkumakuma ivyo ntāsanzaje.


Kandi nko kw isaha cumi n’imwe aragenda, abona abandi bīhagarariye; arababgira, ati Mbega ko mwahagaze hano umusi wose ata co mukora?


Nko kw isaha zitatu aragenda, abona abandi bīhagarariye mu kaguriro ata co bakora.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Ubunebge butera itiro ryinshi, Kand’ umunyabute azogira inzara.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite