Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:6
40 Referans Kwoze  

Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.


Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.


Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,


Kuk’ umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira.


Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana.


ubugwaneza, ukwirinda: ibimeze birtyo nta vyagezwe bibibuza.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago,


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Akirikw aravuga ivy’ ukugororoka n’ivy’ ukwirinda n’ivy’ amateka azocibga, Feliki aranduka umutima, aramubarira, at’ Ubu ni wīgīre, ni naronka uburyo bgiza nzogutumako.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,


Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe.


kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko:


Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana.


kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.


Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.


Ni co gituma ubgacu tubirata mu mashengero y’Imana, kubg’ ukwihangana kwanyu n’ukwizera mu guhamwa kwanyu kwose n’amagorwa mushinyiriza.


Umugororotsi arikw araherengetera, kandi nta wubishirak’ umutima; abubaha Imana bariko barakūrwaho, kandi nta wubibabaye. Umugororotsi akūwe mu vyago,


Kandi Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite