Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:21
29 Referans Kwoze  

basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere,


Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga,


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,


Mose aravuga, at’ Iki ni co kigira ngo kibamenyeshe yuk’ Uhoraho ari we yantumye gukora ibi bikorwa nkora vyose, kandi kw atari jewe nitumye.


Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho:


Yerobowamu agihagaze ku gicaniro, agira yōse imibavu, haza umuntu w’Imana avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ ijambo ry’Uhoraho.


Maz’ Abayuda baza kuri Yosuwa i Gilugali; Kalebu mwene Yefune Umukenizi aramubarira, at’ Urazi ivyo Uhoraho yatuvuzeko twe nawe, akabibgira Mose umuntu w’Imana, tur’ i Kadeshi‐baruneya.


Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Atunganya imbu z’abaherezi uko zākurikirana zo gukora, nk’uko se Dawidi yasize ashinze, n’ivy’ ibikorwa vy’ Abalewi vyo guhimbaza no gufasha abaherezi, nk’ukw ibikorwa vyabo vy’imisi yose vyari biri, n’ ivy’ abashibamyi na bo, nk’ukw imbu zabo zakurikirana ku birimba vyose; kukw ari ko Dawidi, wa muntu w’Imana, yari yasize abishinze.


Maz’ umusuku w’uwo muntu w’Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n’amafarasi n’imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute?


Nuk’ umwami w’Abisirayeli agaca atuma abo kumurābira aho hantu uwo muntu w’Imana yamubūriye; akagenda akira artyo si rimwe si kabiri.


Uwo mugore abarira Eliya, ati Noneho mmenye k’ur’ umuntu w’Imana koko, kandi kw ijambo ry’Uhoraho uvuga ar’ iry’ ukuri.


Ariko Mose umuntu w’Imana, abahungu biwe bo bāharūrwa mu muryango wa Lewi.


Ahamagara umugabo wiwe, aramubarira, ati Ntabaza umuhungu umwe n’indogoba imwe, nkwakwanye nikubitire kwa wa muntu w’Imana, ndagarutse.


Bukeye nya mugore abarira umugabo wiwe, ati Mbona uyo muntu kw ar’ uwera, kandi n’umuntu w’Imana;


Iyi ni yo mihezagiro Mose umuntu w’Imana yahezagiye Abisirayeli, atarapfa:


Maz’ aragenda, abibarira wa muntu w’Imana, na we aramwishura, ati Genda ushōre ayo mavuta, wishure umwenda wawe; ayasigaye agutungane n’ abana bawe.


Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, ni bo bavugishwa n’ubugunge bgo mu mitima yabo?


ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite