Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni co gituma imisi yose ntazotenzura kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri kuri muri mwebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nzokwama ndabibutsa ivyo bintu, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mufise ubu.

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:12
20 Referans Kwoze  

Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko n’uko mukuzi, kandi kukw ata binyoma biva mu kuri.


Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.


mushinze imizi muri we, mwubakwa muri we, mushikamishijwe n’ukwizera nk’uko mwigishijwe, murushiriza gushima.


Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.


kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.


Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura mbibutsa, nkiri mur’ uru rusago.


Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


Abo nkunda, non’ iki ni co cete ca kabiri mbandikiye, mur’ ivyo vyompi ndakangura imitima yanyu ikeye, mbibutsa;


Ariko nzogira umwete, kugira ngo ni namara gutaha muze mushobore kwama mwibuka ivyo.


Mbandikiye icete c’amajambo make, canditswe na Siluwano, mwene Data w’umwizigirwa uko niyumvira; mbahanūra nshinga intahe yuk’ ubgo ari bgo buntu bg’Imana bg’ukuri: mubuhagararemwo mushikamye.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi:


Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye.


Nukw amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose.


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite