Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




2 Petero 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,

Gade chapit la Kopi




2 Petero 1:10
31 Referans Kwoze  

None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


Kandi turagomba cane yuk’ umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo:


Ntazokundira ibirenge vyawe ko bitirimuka, Ūkuzigama ntazohunyiza.


Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.


Kukw atazokwigera anyiganyizwa; Umugororotsi azokwibukwa ibihe bidashira.


Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje, N’igihome kirekire kinkīngira: sinzosegenyeshwa cane.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Hahirwa umuntu akora ivyo, n’umwana w’umuntu abibangiriza, akaziririza isabato ntayikēngēre, akarinda ukuboko kwiwe ntigukore icaha na kimwe.


Ni yo gitandara canje yonyene n’agakiza kanje; N’igihome kirekire kinkīngira, sinzosegenyeshwa.


Naho yotemba, ntazoshika hasi rwose, Kuk’ Uhoraho amuramira mu kuboko kwiwe.


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.


Kukw abatowe ari benshi, arikw abatoranijwe bakaba bake.


Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.


Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose.


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Bagaruka aho Yosuwa ari, baramubgira, bat’ Abantu bose ntibarinde kudūgayo; ni hagende nk’ibihumbi bibiri canke bitatu, babe ari bo bahatera. Ntiwirirwe ugorera abantu bose ubusa ngo badūgeyo, kukw abaho ari bake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite