Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 5:3
26 Referans Kwoze  

Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo.


Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje,


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Nsenga Uhoraho Imana yanje, ndātura, nti Bgirukiro Mana nkuru y’igitinyiro, wewe wama ushitsa isezerano, ukagirira imbabazi abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe:


Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.


None rer’ ivyagezwe n’ivyera, kand’ ibgirizwa n’iryera, rigororotse, ryiza.


Amayira yabgo n’amayira y’ igikundiro, Kand’ inzira zabgo zose n’iz’ amahoro.


Ijambo ryawe n’icuma kiramuye; Ni co gituma umusavyi wawe arikunda.


Kandi nzogendana umwidegemvyo, Kuko nama ndondera amateka washinze.


nkagirira īkigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.


Kandi bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke.


kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, ntākevye ngw areke kumukurikira, arikw akitondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite