8 Ūdakundana, ntazi Imana, kukw Imana ar’ urukundo.
8 Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.
Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ ūguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.
Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.
Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana.
Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.
Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.
Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze,
Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.
Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.
Ūvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu.
Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.
kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.
Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.