Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w’Imana: impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 4:2
10 Referans Kwoze  

Ni co gituma mbamenyesha yukw ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ati Yesu n’ikivume: kand’ ata muntu ashobora kuvuga, ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


kand’ impwemu yose itatura Yesu irtyo ntiba yavuye ku Mana: kand’ iyo mpwemu iba ar’ iya Antikristo, iyo mwumvise kw izoza, kandi n’ubu iramaze gushika mw isi.


Umuntu wese ahakana Umwana, na Data wa twese ntamufise: uwemera Umwana, afise na Data wa twese.


kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa —


Uwatura yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana.


Kukw abayobeza benshi baserutse bakaja mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite