Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 3:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 3:3
21 Referans Kwoze  

Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


ūvuga kw ahora muri we, akwiye na we kugenda nk’uk’ uwo yagenda.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza,


ntiyashirah’ itandukaniro hagati yacu na bo, yogesheje imitima yabo ukwizera.


kugira ngo dutsindanishirizwe n’ubuntu bgayo, duce tuba abaragwa b’ubugingo budashira, nk’ukw ivyizigiro vyacu biri.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.


Ico ni co kimaze guhīngūra urukundo muri twebge, kugira ngo tuze dushire ubgoba ku musi w’amateka, kuk’ ukw ari, ari ko turi mur’ iyi si.


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Ariko, Umwami wacu Yesu Kristo ubgiwe, n’Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n’ivyizigiro vyiza biheshwa n’ubuntu bgayo,


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


K’ūtanduye uzokwiyerekana ur’ ūtanduye; Ku ntabarirwa uzokwiyerekana ur’ ūdadika.


kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite