Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 3:1
33 Referans Kwoze  

Arikw abāmwākiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.


Ko mur’ aba Kristo, mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, mur’ abaragwa nk’uko vyasezeranywe.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana.


Kand’ ivyo kuri wewe vyari vyoroshe, Mwami Uhoraho; ariko non’ ugeretsek’ uvuga n’ivy’ inzu yanje jewe umusavyi wawe, vy’igihe kirekire kir’ imbere, unyereka n’uruvyaro ruzokwaruka hanyuma, Mwami Uhoraho.


kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Ereg’ ukugira neza kwawe ni kwinshi, ukwo wabīkiye abakwubaha, Ukwo wagiriye abaguhungirako mu maso y’abana b’ abantu!


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.


kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka.


kandi s’ubgo bgoko bgonyene, ariko ngw abana b’Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.


Ico ni co kimaze guhīngūra urukundo muri twebge, kugira ngo tuze dushire ubgoba ku musi w’amateka, kuk’ ukw ari, ari ko turi mur’ iyi si.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite