Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ūvuga kw ari mu muco, akanka mwene Data wundi, aba akiri mu mwiza na bugingo n’ubu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umuntu wese avuga ko agendera mu muco, ariko akanka mwene Data, uwo aracagendera mu mwijima.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 2:9
14 Referans Kwoze  

Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye.


Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.


Abo mbgiye nta co bazi, nta co batahura, Bagendagenda mu mwiza: Amatanguriro yose y’isi aranyiganyiga.


Kuk’ ūtagira ivyo ar’ impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.


Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.


Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.


Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe; ariko ntaz’ abure kumuhanūra, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubg’ uwo.


Kandi Abusalomu ntiyaba akigira ico avugana na Amunoni, ari kibi ari ciza, kuko Abusalomu yar’ agiriye Amunoni urwanko, kuko yononye mushiki we Tamari.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite