Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 2:3
26 Referans Kwoze  

Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.


Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Iki ni co kitumenyesha yuko tuguma muri yo, na yo ikaguma muri twebge, n’uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Nzogenda niruka mu nzira y’amabgirizwa yawe Ah’ uzokwagurira umutima wanje.


Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ ab’ ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo,


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Aho nzoshirira umutima ku mabgirizwa yawe yose Ni ho ntazomāramāra.


Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.


Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.


Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana.


Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite