Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:9
37 Referans Kwoze  

Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, Arik’ ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.


Nzobōza ibigabitanyo vyabo vyose, ivyo bangabitanijeko; nzobaharira ibigabitanyo vyabo vyose bangabitanijeko n’ivyo bancumuyeko.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.


Imana n’iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.


Nuko rero mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari yo Mana; n’Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo, ikageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi;


Kandi benshi mu bari barizeye baraza, bātura ivyo bākoze, barabiserura.


Igihugu c’i Yudaya cose n’ab’i Yerusalemu bose bava i wabo, baza kuri we: ababatiriza mu ruzi Yorodani, bātuye ivyaha vyabo.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Cama ari gisha uko bukeye; ingen’ ar’ umwizigirwa bīratangaje.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’ iyo kwizerwa.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Ni mubivuge, ni mubizane, mbere ni baje inama hamwe: ni nde yerekanye ivyo uhereye mu bihe vya kera? Ni nde yabimenyekanishije uhereye kera? Si jewe, Uhoraho? Kandi nta yindi Mana atari jewe, Imana igororotse kand’ Umukiza; nta yindi atari jewe.


ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,


no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo mur’ iki gihe, ngw ibe Īgororoka n’Ītsindanishiriza uwizeye Yesu.


Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.


nama ngirira imbabazi abantu ibihumbi n’ibihumbi, mparira ibigabitanyo n’ibicumuro n’ ivyaha, ariko simperereza urubanza k’ūtarugira; mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku buzukuru no ku runganwe rwabo rugira gatatu no ku rugira kane.


Kand’ uze wame wumva ukwinginga kwanje, jewe umusavyi wawe, n’ ukw’ abantu bawe b’Abisirayeli, uko tuzosenga dutumbereye aha hantu; ego me koko, uze wame uvyumva uri mw ijuru ah’ uba, kand’ uk’ uzovyumva, uze wame uharira.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Na we arabihakana, at’ Eka nyina wanje, sindanamuzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite