Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:8
33 Referans Kwoze  

bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana;


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.


Ni nde yoshobora kuvuga, ati Niyogeje umutima, Nihumanuye icaha canje?


Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?


Umuntu ni yiyumvira kw ar’ agakomeye, kand’ ata co amaze, arībesha.


Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.


Kandi ntushire umusavyi wawe mu rukinja, Kukw ata wo mu bariho azotsindira mu nyonga zawe.


Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa.


n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Ni nde yoshobora gukūra ikintu gitunganye mu canduye? Erega nta wuriho n’umwe.


Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata bakabajana mu kindi gihugu, naho hoba hafi canke kure;


kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.


Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.


Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


ati N’ivy’ ukuri nzi kw ari ko biri: Arik’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana?


Kuko nanezerewe cane hamwe bene Data baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuk’ ugendera mu kuri.


bababazwe n’ibibi, ni zo ngero z’ubukozi bg’ibibi bgabo. Bumva ibibahimbara ar’ ukwirirwa badayangwa, abo n’amarabaga n’agasembga, badayangishwa n’ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza.


Ariko naho bimeze birtyo, uravuga, uti Nta gicumuro ndiko; kand’ uti N’ukuri n’uburake yar’ andakiye bgashize. Rāba nzobūrana nawe, kuk’ uvuga, uti Nta caha nakoze.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’umwe,


Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye.


Arikw imibembe ni yasēsa ku mubiri, ikarangiza umubiri wose w’uwafashwe n’iyo ndwara, uhereye ku mutwe ugashitsa ku birenge, ah’ umuherezi ageza amaso hose;


Arongera aramubaza, ati Babonye ibiki mu ngoro yawe? Hezekiya aramwishura, at’ Ibiri mu ngoro yanje vyose bābibonye: nta kintu na kimwe co mu vyo ntunze ntāberetse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite