Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:6
25 Referans Kwoze  

Umuntu ni yavuga, ati Nkunda Imana, akanka mwene Data wundi, aba ar’ umubeshi. Kuk’ ūdakunda mwene Data yabonye ntashobora gukunda Imana atābonye.


Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.


Bata inzira zo kugororoka, Ngo bagendere mu nzira z’ umwiza;


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.


Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?


Naje mw isi nd’ umuco, kugira ng’ ūnyizera wese ntaz’ agume mu mwiza.


ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.


Arik’ ūgenda mw ijoro aratsitara, kuk’ umuco utari muri we.


Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.


Abo mbgiye nta co bazi, nta co batahura, Bagendagenda mu mwiza: Amatanguriro yose y’isi aranyiganyiga.


Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.


maz’ umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’ umubiri ukena, vyomara iki?


Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw izina ryawe?


bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi,


Mbeg’ abagoreka imanza bazohūza nawe, Kand’ ari bo bagira ivyagezwe urwitwazo rwo kugira nabi?


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite