Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ubu ni bwo butumwa twumvanye Yesu Kristo kandi ni na bwo tubabwira: Imana ni umuco; muri yo nta mwijima uhaba na gato.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:5
19 Referans Kwoze  

Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Izuba si ryo rizoba rikikubera umuco ku murango, cank’ ukwezi ngo kukuboneshereze: ariko jewe Uhoraho ni jewe nzokubera umuco utazoshira, kandi jewe Imana yawe ni jewe nzokubera icubahiro.


Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikīngira ubugingo bganje, ni nde azonca ivutu?


Umuco w’ukuri, wākira umuntu wese, warik’ uraza mur’ iyi si.


Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.


Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Kukw ah’ uri ari ho har’ isōko y’ubugingo: Mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane;


Kukw ico nahawe n’Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuk’ Umwami Yesu mw ijoro yaguzwemwo yābiriye umutsima,


N’umwiza na wo ntugira ico woguhisha, Ariko mw ijoro habona nko ku murango; Umwiza n’umuco kuri wewe ni bimwe.


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.


ni yo ihishura ivy’ amabanga y’iyo bihera; ni yo izi ibiri mu mwiza, kand’ umuco ubana na yo.


Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bāmutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite