Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa —

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ubwo bugingo bwaraserutse turabubona kandi turabushingira intahe. Tubabwira ubugingo budashira bwamanye na Data hanyuma tukabuhishurirwa.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:2
37 Referans Kwoze  

Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Muri we hārimw’ ubugingo, kand’ ubgo bugingo bgar’ umuco w’abantu.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Kand’ iyo ntahe n’iyi: n’ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo.


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


nkora nizigiye kuzoronka ubugingo budashira, ubgo Imana itazi kubesha yasezeranye kera, ibihe vyose bitarabaho.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we.


ariko none bgaseruwe n’ukuboneka kw’Umukiza wacu Kristo Yesu, yahinduye urupfu ubusa, ubugingo no kutagipfa akabiserurisha ubutumwa bgiza.


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.


wa Mukuru w’ubugingo muramwica; arikw Imana muzura mu bapfuye, natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.


Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.


utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.


Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.


Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bga bgiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa.


Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.


Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.


jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kand’ ari we yantumye.


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.


Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kand’ intahe yiwe n’iy’ ukuri, kand’ arazi kw avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere.


Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n’ubugingo budashira.


Iki abe ari co kibamenyesha Mpwemu w’Imana: impwemu yose yatura Yesu Kristo ko yaje afise umubiri, iba yavuye ku Mana,


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite