Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Yohana 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba tuyigize umubeshi kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.

Gade chapit la Kopi




1 Yohana 1:10
12 Referans Kwoze  

Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.


Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Ūvuga ngo Ndamuzi, ntiyitondere ivyagezwe vyiwe, n’umubeshi, ukuri ntikuri muri we.


kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.


Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?


Narabandikiye ba se, kuko muzi uwahereye ubga mbere na mbere. Narabandikiye misore, kuko mufise inkomezi, kand’ ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebge, kandi mwanesheje wa Mubi.


N’ubu namb’ atari ko biri, ni nde yompinyuza ko nd’ umubeshi, Agahindura ubusa amajambo yanje?


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Ūri muri mwebge aruta ūri mu b’isi.


Umuntu vyoshoboka bite kw aba uwera? Cank’ uwavyawe n’umugore, kw aba umugororotsi?


Ariko naho bimeze birtyo, uravuga, uti Nta gicumuro ndiko; kand’ uti N’ukuri n’uburake yar’ andakiye bgashize. Rāba nzobūrana nawe, kuk’ uvuga, uti Nta caha nakoze.


Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite