Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye indogoba za Kishi se wiwe ziratakara. Kishi abarira Sauli umuhungu wiwe, ati Hitana umwe mu banyarugo, muje kurondera izo ndogoba.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 9:3
7 Referans Kwoze  

Uyu musi ni twamara gutandukana, uja gusanga abantu babiri hafi y’ imva ya Rakeli ku rubibe rw’Ababenyamini i Selusa; kandi barakubarira, bat’ Indogoba wari wagiye kurondera zarabonetse, bati Kandi so asigaye ahagarikiye umutima wewe kuruta izo ndogoba, avuga ngw ivy’ umwana wiwe yobigenza ate?


Kandi yar’ afise abahungu mirongwitatu, bagendera ku ndogoba mirongwitatu nyene, kandi bari bafise ibisagara mirongwitatu vyitwa Havoti‐yayiri, kandi ni ko bicitwa na bugingo n’ubu; biri mu gihugu c’i Gileyadi.


Yemwe abagendera ku ndogoba z’ibihororo, Yemwe abīshānyāngira ku mikeka myiza, Yemwe abari ku nzira, ni muririmbe.


Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.


Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.


Kandi ku vya za ndogoba zawe, zimaze gatatu zizimiye, ntiziguhagarike umutima: zārabonetse. Mbeg’ ivy’ igikundiro vyose vyo mu Bisirayeli bibīkiwe nde? Si wewe nyene, n’inzu yose ya so?


Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite