Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 7:9
16 Referans Kwoze  

Maz’ Uhoraho arambarira, ati Naho Mose na Samweli bohagarara imbere yanje, umutima wanje ntiwohangaza ubu bgoko: bahinde, bave mu nyonga zanje, bagende.


Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


agaheza agasubira i Rama, kukw ari ho urugo rwiwe rwari ruri, na ho nyene akahacīrira Abisirayeli imanza. Kandi yari yarahubakiye Uhoraho igicaniro.


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi.


Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.


Barabishura, bat’ Ego me; nguyo ah’ imbere yanyu; ariko munyaruke: ni ho agishika mu gisagara, azanywe n’ukw abantu bagira batange ibimazi ku mpinga y’umusozi.


Bukeye abantu bo mu gisagara bavyutse, basanga ca gicaniro ca Bayali gisanganguwe, na ya nkingi ya Ashera yar’ ishinzwe i ruhande yaco yatemaguwe, na ya mpfizi ya kabiri yatangiwe ku gicaniro cubatswe.


uheze unyubakire igicaniro kur’ iki gitandara, jewe Uhoraho Imana yawe, mu buryo bushinzwe, ujane ya mpfizi ya kabiri uyitange kw ikimazi co kwoswa, ucanirize inkwi za ya nkingi ya Ashera uzoba watemaguye.


at’ Ishuri ni yavuka, cank’ umwagazi w’intama canke w’impene, iz’ imarane na nyina imisi ndwi; uhereye umusi ugira umunani yoshobora kwemerwa kuba ikimazi nshikanirwa jewe Uhoraho, gitōngōrwa n’umuriro.


Nsaba Uhoraho, nti Mwami Uhoraho, nturandure abantu bawe, ari bo cibare cawe, abo warokoje ububasha bgawe, ukabakūza muri Egiputa ukuboko kw’inkomezi kandi kuramvuye.


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite