Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuva ku musi iyo sandugu yashikiye i Kiriyati‐yeyarimu hashira igihe kirekire, nk’imyaka mirongwibiri; ab’ inzu y’Abisirayeli bose barondera Uhoraho batuntuye.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 7:2
13 Referans Kwoze  

Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amaze kubgira Abisirayeli bose ayo majambo, abantu baraturikisha bararira.


Nukw Abisirayeli barahaguruka, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu. Ivyo bisagara vyari Gibeyoni na Kefira na Beroti na Kireyati‐yeyarimu.


Nukw ab’i Kiriyati‐yeyarimu baraza, bajana isandugu y’ Uhoraho, bayidūgana umusozi, bayishira kwa Abinadabu; maze barobanura umuhungu wiwe Eleyazari, kugira ngw abe ari we ayizezwa.


Maze Samweli abarira ab’ inzu y’Abisirayeli bose, ati Ni mwaba mugarutse k’Uhoraho n’ imitima yanyu yose, ni mukūreh’ ibigirwamana vy’abanyamahanga na Ashitaroti biri muri mwebge, muherereze imitima yanyu k’Uhoraho, abe ari we musaba wenyene, na we azobarokora, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya.


duheze tuje kugarukana isandugu y’Imana aho turi; kuko tutāyibabaye ku ngoma ya Sauli.


Kandi hāri n’uwundi yavugishwa mw izina ry’Uhoraho, ni Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati‐yeyarimu; uyo yavugishijwe n’ Imana ku bizoba kur’ iki gisagara no kur’ iki gihugu bihwanye n’amajambo yose ya Yeremiya.


Nuko Dawidi akoranya Abisirayeli bose, uhereye kuri Shihori, uruzi rwa Egiputa, ugashitsa ahafata i Hamati, kugira ngo baje i Kiriyati‐yeyarimu gukūray’ isandugu y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite