Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 4:4
18 Referans Kwoze  

Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.


Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.


Maze Mose yinjiye mw ihema ry’ibonaniro kubonana n’Uhoraho, yumva ijwi rimubarira, rivugiye ahahera hejuru ya wa mutemere wo guhongerako, uri kw isandugu y’Ibishinga intahe, hagati ya ba bakerubi bompi; aho ni ho babonaniye.


Uhoraho arahangamye; amahanga ahinze agashitsi! Avyagiye ku Bakerubi; isi iranyiganyiga!


Nuko Hezekiya asengera imbere y’Uhoraho, at’ Ewe Uhoraho, Mana y’ Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


Enda rero, ni mwinginge Imana idutunge, itugirire ikigongwe, kukw ivyo vyabaye kubganyu: mbega nyene, hari n’umwe muri mwebge yokwemerera ko babonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Nuko Eli yar’ ageze mu zabukuru; kandi yama yumva ivyo abo bahungu biwe bagirira Abisirayeli bose, kandi ko basambana n’abagore bākora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


Iyo hageze guhaguruka ngo mugende, Aroni yinjirane n’abana biwe, bamanure igihuzu gikingīra Ahēra cane, bagitwikirize isandugu y’Ibishinga intahe;


Amaze kumucūtsa aramudūgana, ajana n’imasa imaze imyaka itatu, n’ingero yitwa efa y’ifu, n’umukuza w’urusato wa vino; nukw amujana i Shilo mu ngoro y’Uhoraho; kand’ uwo mwana yar’ akiri mutoya.


Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.


at’ Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi.


harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.


Kangura inkomezi zawe imbere y’aba Efurayimu n’aba Benyamini n’aba Manase, Uze kudukiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite