Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ ingabo zishitse mu nsago, abakuru bo mu Bisirayeli barabazanya, bati N’iki gitumye Uhoraho yemera ko tuneshwa uyu musi n’Abafilisitiya? Enda ni muze tuje kuzana isandugu y’isezerano ry’Uhoraho tuyikūre i Shilo, tuyizane hano, kugira ngo ni yashika muri twebge idutabare ububasha bg’abansi bacu.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 4:3
34 Referans Kwoze  

Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuk’ Umwami Imana, imaze gukirisha bga bgoko kubakūra mu gihugu ca Egiputa, hanyuma yahoneje abatizeye.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Ntimwizigire amagambo y’ibinyoma, avuga ngo Nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho, nguru urusengero rw’Uhoraho!


Maze mur’ iyo misi, ni mwamara kugwira no kurondoka mu gihugu, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntibazoba bakivuga isandugu y’isezerano ryanje, jewe Uhoraho, kandi ntibazoba bakiyiyumvira canke ngo bayibuke; ntibazoba bakiyikumbura, canke ngo babe bagisubira kubāza iyindi.


Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


N’iki gituma upfunya ukuboko, ukuboko kwawe kw’i buryo? Gukūre mu gikiriza cawe, ubamare.


Mana, n’iki catumye uduca tukaba ruhebga? N’iki gituma uburake bgawe bupfunduka nk’umwotsi, ubgo urakira intama zo mu canya cawe?


Nuko Dawidi amaze kwinjira ingoro yiwe, abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’isezerano ry’Uhoraho iba mw ihema gusa.


Maz’ umwami abarira Sadoki, ati Subiza isandugu y’Imana ku murwa; Uhoraho ni yangirira ubuntu azongarukanayo, anyereke iyo sandugu yiwe n’ah’ aba.


Maze Sauli abarira Ahiya, ati Zana hano isandugu y’Imana; kuko mur’ iyo misi isandugu y’Imana yajana n’ Abisirayeli.


Yosuwa aravuga, ati Yoo! Ewe Mwami Uhoraho! N’ iki catumye ujabutsa aba bantu Yorodani, kugira ng’ utugabure mu maboko y’Abamori ngo batugeseze? Ereg’ iyo tuba twapfumye tuguma hakurya ya Yorodani!


muze mubishure, muti N’ukw amazi ya Yorodani yīmiriwe, akitandukaniriza imbere y’isandugu y’isezerano ry’ Uhoraho; mut’ Igihe yarikw irajabuka Yorodani, amazi yarwo yarīmiriwe; muti Kand’ aya mabuye yabereyeho kuba icibutso c’Abisirayeli gushitsa ibihe vyose.


ati Ni mujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugira ngo kibe icabona co kubāgiriza.


bazobaza, mbere n’amahanga yose azobaza, bati Mbega n’iki cateye Uhoraho kugirira ico gihugu artyo? ubgo burake bg’inkazi bururumba bgavuye ku ki?


Nuko Mose arungika izo ngabo gutera, ukw ar’ igihumbi‐igihumbi mu miryango yose; abarungikana na Finehasi mwene Eleyazari umuherezi, ajanye ibintu vyera n’inzumbete zo kuvuzwa ijwi rirengēra.


Maz’ ukw isandugu ihagurutse, Mose yaravuga, at’ Uhoraho, haguruka, ababisha bawe basanzare, abansi bawe baguhunge.


Nuko barahaguruka, bava ku musozi w’Uhoraho, bagenda urugendo rw’imisi itatu; kand’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja imbere iyo misi itatu y’urugendo, kugira ngw ibaronderere aho baruhukira.


Nuko Yosuwa mwene Nuni ahamagaza abaherezi, arababarira, ati Ni murerure isandugu y’isezerano, maz’ abandi baherezi ndwi bajane inzamba ndwi z’amahembe y’impfizi z’intama, bagende imbere y’isandugu y’Uhoraho.


None ga Mwami, ndacavuga iki, kw Abisirayeli babinjitse ibitugu imbere y’abansi babo?


Amaze kumucūtsa aramudūgana, ajana n’imasa imaze imyaka itatu, n’ingero yitwa efa y’ifu, n’umukuza w’urusato wa vino; nukw amujana i Shilo mu ngoro y’Uhoraho; kand’ uwo mwana yar’ akiri mutoya.


Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.


Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikubaye kugufi ngo kunanirwe gukiza, n’ugutwi kwiwe ntikwapfuye ngo kunanirwe kwumva:


arikw ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyabatandukanije n’ Imana yanyu, kand’ ivyaha vyanyu ni vyo vyabakīngiriye mu nyonga hayo, bituma yanka no kwumva.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite