Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwanye Abisirayeli: bamaze kurumana, Abisirayeli baneshwa n’ Abafilisitiya, Abafilisitiya babicamw’ abantu nk’ibihumbi bine mur’ urwo rugamba.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 4:2
13 Referans Kwoze  

Enda ni dusesangure ingeso zacu, tuzisuzume, tugaruke k’Uhoraho.


Nukw Abisirayeli batonda urugamba, n’Abafilisitiya n’uko, urugamba ruhanganye n’ urundi.


Arahagarara, atera akamo ingabo z’Abisirayeli, ati N’iki cabazanye gutonda urugamba? Mbega sind’ Umufilisitiya, namwe mukaba abaja ba Sauli? Enda ni mwitorere umuntu, amanuke aze duhwane!


Ico ni co gitumye Abisirayeli badashobora guhagarara imbere y’abansi babo, bakabinjika ibitugu imbere yabo, kuko bahindutse ibivume. Mbere sinzokwongera kubana namwe shiti mukūye ivyagizwe inyegu yanje muri mwebge.


Bukeye Abisirayeli batera Abafilisitiya, basagaza ahabangikanye n’i Ebenezeri; Abafilisitiya na bo basagaza kuri Afeka.


Maz’ ingabo zishitse mu nsago, abakuru bo mu Bisirayeli barabazanya, bati N’iki gitumye Uhoraho yemera ko tuneshwa uyu musi n’Abafilisitiya? Enda ni muze tuje kuzana isandugu y’isezerano ry’Uhoraho tuyikūre i Shilo, tuyizane hano, kugira ngo ni yashika muri twebge idutabare ububasha bg’abansi bacu.


Nukw Abafilisitiya bashirako bararwana, maz’ Abisirayeli baraneshwa, umuntu wese ahungira i we; haba agatikizo gakomeye: mu Bisirayeli hapfa ingabo ibihumbi mirongwitatu.


Bazogwanako nk’abahunga inkota, ata kibirukanye; mbere ntimuzoshobora guhagarara abansi banyu imbere.


Maz’ Abamaleki bamanukana n’Abanyakanani baba mur’ iyo misozi, barabanesha, barabirukana, babashitsa i Horuma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite