Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Imiheto y’abahizi iravunitse, Abāri badendebukiwe bakenyeye inkomezi.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 2:4
16 Referans Kwoze  

Ni ho yavunaguriye imyampi yo mu muheto, N’inkinzo n’inkota n’ibirwanishwa vy’intambara. Sela.


Inkota yabo ni bo izocumita mu mitima, Imiheto yabo izovunika.


Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.


Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, Avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, Imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro.


no kuzimya ubukare bg’umuriro, no gukira ubugi bg’inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z’abanyamahanga.


Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.


Kukw amaboko y’abanyakibi azovunika: Arik’ Uhoraho aramira abagororotsi.


Kuko naho mwotikiza ingabo zose z’Abakaludaya babarwanya, hagasigaramw’ abakomeretse basa, na ho nyene bova hasi, umuntu wese aho yar’ ari mw ihema ryiwe, bagatongoza iki gisagara umuriro.


Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza,


Mvuge ikindi ki? Kukw igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni n’ivya Baraki n’ivya Samusoni n’ivya Yefuta n’ivya Dawidi n’ivya Samweli n’ivy’ abāvugishwa n’Imana,


Wankenyeje inkomezi ngo ndwane, Abarwanizi banje wabamaze igabo.


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ ūtagira intege amwongeramw’ inkomezi.


mber’ abanyazi barahashitse, bashitse i Babuloni nyene, abahizi baho barafashwe, imiheto yabo iravunaguritse. Kuk’ Uhoraho ar’ Imana yīhōra, ntazobura kwīhōra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite