Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 2:2
37 Referans Kwoze  

Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


Nta gihwanye nawe mu bigirwamana, Mwami; Kandi nta bikorwa biriho bihwanye n’ivyawe.


Uhoraho Mana Nyen’ ingabo, Ni nde munyenkomezi ahwanye nawe, Uhoraho? Kuba umwizigirwa kwawe kuragukikije.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera.


Nta gihwanye nawe, Uhoraho, kuk’ uhambaye, kand’ izina ryawe rikaba irihambaye kubg’ ububasha bgawe.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


nt’ Uhoraho Bgirukiro, jewe umusavyi wawe utanguye kunyereka ububasha bgawe n’ubushobozi bgawe buhambaye. Nti Mbega har’ iyindi mana, yaba iyo mw ijuru canke mw isi, yoshobora gukora ibikorwa n’ibihambaye bihwanye n’ivyo ukora?


ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.


Kukw ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n’ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.


Mwoye gutinya canke guhagarika imitima: kera sinabibabariye nkabiserura? Namwe mur’ ivyabona vyo kunshingira intahe. Har’ iyindi Mana atari jewe? Mbere nta kindi gitandara kiriho: jewe nta co nzi.


None rer’ Imana mwoyigereranya na nde, canke mwoyishushanya n’ishusho ki?


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.


Ni mushire hejuru Uhoraho Imana yacu, Mwuname mur’ imbere y’ indava yo musi y’ibirenge vyiwe: Ni we yera.


Ni nde wo mw ijuru yogereranywa n’Uhoraho? Ni nde wo mu bana b’Imana ahwanye n’Uhoraho?


Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.


Ni mushire hejuru Uhoraho, Imana yacu, Musengere ku murwa wiwe wera: Kuk’ Uhoraho, Imana yacu, ar’ uwera.


Ni nde mfise mw ijuru, atari wewe? Kandi mw isi nta we ngomba, atari wewe.


Mana, ukugororoka kwawe gushika hejuru kure: Ni wewe wakoze ibikomeye, Mana, ni nde ahwanye nawe?


Umbere igitandara co kubamwo, aho nzoshobora kwama mpungira: Wangereye kunkiza, Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Aravuga, ati Reka mbahishe mu nyonga hanje, Ndābe iherezo ryabo uko rizomera; Kukw ar’ urunganwe rw’ ibidambidambi, N’abana batar’ abizigirwa.


Ni mwebge mweretswe ivyo kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana, ata yindi iriho atari we.


Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha.


Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.


N’Imana igitandara canje; ni we nzohungirako. Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’ umunara wanje wo guhungiramwo, n’ubgugamo bganje; Ni wewe Mukiza wanje, unkiza umuryano w’abantu.


aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;


Ni nde Mana, atar’ Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’ Imana yacu?


Ni batazire izina ryiwe rihambaye riteye ubgoba: Ni we yera.


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.


Nuk’ uyu musi mubimenye, mubishirekw imitima, yuk’ Uhoraho ari we Mana mw ijuru no mw isi, ata yindi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite