Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 2:1
37 Referans Kwoze  

Ariko nizigiye imbabazi zawe; Umutima wanje uzonezererwa agakiza kawe.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Ariko washize hejuru ihembe ryanje nk’iry’ imbogo, Nsīzwe amavuta masha.


Kuk’ ur’ icubahiro c’inkomezi zabo: Imbabazi zawe ni zo zizoshirisha hejuru ihembe ryacu.


Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.


Tuzovugishwa impundu n’ agakiza kawe, Kandi kubg’ izina ry’Imana yacu tuzokwerekana amabendera yacu. Uhoraho ashitse ivy’ usaba vyose.


Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe.


Ni ho umutima wanje uzovugiriza impundu Uhoraho, Unezererwe agakiza kiwe.


Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri;


Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.


Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, Mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.


Uhoraho ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje; Kandi yahindutse agakiza kanje.


Arikw imbabazi zanje no kuba umwizigirwa kwanje bizobana na we; Kand’ izina ryanje rizoshirisha hejuru ihembe ryiwe.


Miriyamu akabaterera, ati Ni muririmbire Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza: Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


Maze Mose n’Abisirayeli baririmbira Uhoraho iyi ndirimbo, bati Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza. Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,


Mwami, teranura iminwa yanje, Ni ho akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.


Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Isengesho ry’uwavugishwa n’ Imana Habakuki, ryaririmbishwa mw ijwi ryitwa Shigiyonoti.


Kand’ amahembe yose y’ abanyakibi nzoyakōndōra; Arikw amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru.


Akanwa kanje kazokwuzura ishimwe ryawe, N’icubahiro cawe umusi wīre.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,


Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.


Impfizi yiwe y’uburiza, icubahiro n’icayo, Amahembe yayo ni nk’ay’ imbogo: Izoyicisha amahanga yose, gushitsa ku mpera y’isi. Ni kw amasinzi y’aba Efurayimu ameze, Bo n’ibihumbi vy’aba Manase.


Nibaririyekw amagunira ku mubiri wanje; Ihembe ryanje narishiburiye mu mukungugu.


Kandi yashize hejuru ihembe ry’abantu biwe, Ni ryo shimwe ry’abakunzi biwe bose, Ni bo Bisirayeli, ihanga yiyegereje. Haleluya!


Kandi mukēba we yama amushinyagurira, akamutera intuntu, kuk’ Uhoraho yamuzivye inda.


Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya.


Nuko baratabaruka, Abayuda n’ab’i Yerusalemu bose, Yehoshafati abakāmagiye imbere, basubira i Yerusalemu banezerewe, kuk’ Uhoraho yabahaye kwibonera abansi babo.


Wamuhaye ico umutima wiwe wifuza, Ntiwamwimye ico iminwa yiwe yasavye. Sela.


Kukw inkinzo idukīngira ar’ Uhoraho; Umwami wacu n’Uwera w’ Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite