Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo muntu yama ava mu gisagara c’i wabo uk’ umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ibimazi. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bār’ abaherezi b’Uhoraho aho hantu.

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 1:3
22 Referans Kwoze  

Kand’ uk’ umwaka utashe, abavyeyi biwe bāja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Haze harenguke uwitwa umuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Muze mungirire imisi mikuru gatatu‐gatatu mu mwaka:


Maz’ uwo mugabo Elukana akora abo mu rugo rwiwe bose aradūga, aja gushikanira Uhoraho ikimazi c’uwo mwaka no gushitsa amasezerano yiwe.


Maze barangije kurya no kunywa aho bāri bari i Shilo, Hana ava hasi. Kandi Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe yiwe ku gishimaryango mu rusengero rw’Uhoraho.


Haze harenguke izinamuhungu wese imbere y’Uhoraho Imana yanyu gatatu‐gatatu mu mwaka, barenguke ha hantu azoba yātoranije. Baze mu misi mikuru y’imitsima itambiwe, no ku musi ukurikira ya masabato ndwi, no mu misi mikuru y’insāgo; ariko ntibaze barenguke imbere y’ Uhoraho iminwe misa.


Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.


Bituma iheba umugerēro w’i Shilo, Ni wo hema yashinze hagati y’abantu.


Kand’ isandugu y’ Imana ifatwa mpiri; na bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi baricwa.


Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.


Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.


Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.


Nuko haze harenguke izinamuhungu wese imbere yanje, jewe Umwami Uhoraho, gatatu‐gatatu mu mwaka.


Maze baravuga, bat’ Erega hariho wa musi mukuru w’Uhoraho bagira uk’ umwaka utashe i Shilo, hamwe i burārūko bg’ i Beteli, ku ruhande ruhera i burasirazuba rw’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, i bumanuko bg’i Lebona.


Kandi nyina yama amubarīrira agahuzu, akakamushīra uk’ umwaka utashe, uko yajana n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka;


harimwo na Ahiya mwene Ahitubu, Ahitubu mukuru wa Ikabodi mwene Finehasi, Finehasi yari mwene Eli, umuherezi w’Uhoraho i Shilo; kandi Ahiya yambara efodi. Arikw abantu ntibamenya ko Yonatani yagiye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite