2 Yar’ afise abagore babiri, umwe yitwa Hana, uwundi Penina; Penina ni we yavyara, ariko Hana yar’ ingumba.
Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru.
Arabishura, ati Mose yabarekuye kwirukana abagore banyu kukw imitima yanyu ikomantaye. Arik’ uhereye ubga mbere hose ntivyari bimeze birtyo.
Kandi hār’ umuntu w’i Sora wo mu muryango w’Abadani, yitwa Manowa. Umugore wiwe yar’ ingumba itigeze kuvyara.
kand’ abahungu yivyariye bāri mirongwirindwi, kuko yar’ afise abagore benshi.
Maz’ Uhoraho abona yuko Leya yanswe, aca azibūra inda yiwe; ariko Rakeli aragumbaha.
Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda.
Lameki abarira abagore biwe, at’ Ewe Ada na Zila, ni munyumve, Bagore ba Lameki, ni mwumvirize amajambo yanje! Kuko nishe umugabo ndamwihōye uruguma ankomerekeje, N’umusore ndamwihōye igipfupfuri.
Kandi hāriho Ana, uwavugishwa n’Imana, umukobga wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yar’ umutāmakazi wa kera, yabanye n’umugabo wiwe imyaka ndwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe,
Lameki yābīra abagore babiri: umwe yitwa Ada uwundi Zila.
Sarayi yar’ intavyara, ntiyagira umwana.