Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




1 Samweli 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane,

Gade chapit la Kopi




1 Samweli 1:10
22 Referans Kwoze  

Ni co gitumye ntiyumanganya; Ngira mvuge kubg’ umubabaro w’umutima wanje; Ndiganyira kubg’ akabonge ko mu mushaha wanje.


Arushirije kwicwa n’umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi.


Umutima wanje urambiwe n’ukubaho; Ngira nziburure amajojwa yanje, Mvugishwe n’akabonge ko mu mutima wanje.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


Kuko jewe Uhoraho nguhamagaye nk’umugore w’intābga afise intuntu mu mutima, ngucūye nk’umugore wo mu bucance yari yarirukanywe, ni jewe Imana yawe mbivuze.


Nukw abantu baja i Beteli, bicara imbere y’Imana gushitsa ku mugoroba, baboroga, barira,


Yanyujuje ibamba, ampāza umururazi.


Ntimukaririre uwamaze gupfa, canke ngo mumuborogere: ariko muririre uwagiye mazimayongo, kukw atazoba akigaruka ukundi, canke ngw asubire kubona igihugu yavukiyemwo.


Novuga ikindi ki kandi? Ni we yavuganye nanje, kandi ni we nyene yabikoze. Nuko nzogenda niyoroheje mu myaka yanje yose, nibuka umubabaro war’ umeze nk’umururazi mu mutima wanje.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Ntinkundira guhumeka, Arikw inyuzuza umubabaro.


ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane.


Arabishura, ati Ntimube mukinyita Nawomi, ariko munyite Mara; kuko Rugira Vyose ivyo yangiriye vyambereye umururāzi.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Akirangiza kuvuga, abana b’ umwami barashika, maze baraturikisha bararira; n’umwami na we nyene n’abantu biwe bose bararira baraboroga.


Bashika ku mbuga y’igosorero yo muri Atadi, hāri hakurya ya Yorodani: baborogeray’ amaborogo menshi cane y’akabonge: Yosefu ashinga ko bahamara imisi ndwi bagandariye se.


Kand’ at’ Urazi so n’ingabo ziwe kw ar’ abahizi, kandi baramaze kuraka nk’idubu isahuriwe abana mu gahinga. Bitayeko, so n’umuntu amenyereye ivy’ intambara, ntiyopfa kurāra mu ngabo.


Maze barangije kurya no kunywa aho bāri bari i Shilo, Hana ava hasi. Kandi Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe yiwe ku gishimaryango mu rusengero rw’Uhoraho.


asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe.


Umutima wimenyera uwawo mubabaro, Kand’ umunezero wawo umunyamahanga ntashobora kuwītamwo.


Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite